Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hamwe n’izindi Ntumwa zo hambere yiwe, zabwiye abitwaza ko bubahiriza idini barazwe n’abavyeyi babo, ziti: “Mbega, mwubahiriza ivyo mwarazwe n’abavyeyi banyu, n’aho nobazanira ibibarongora mu nzira nziza ibereye gusumba idini mwarazwe na bo!”. Na bo baca binamura n’amanyama n’akantu bakishura bati: “Twebwe mu vy’ukuri, turiyamirije ivyo mwarungikanwe”.