Burya mu Barabu baba mu micungararo y’ibisagara, harimwo uwufata ivyo atanze mu guharanira idini ry’Imana, ko ari agahombo ata n’ico bimwungura, agaheza akabatega imisi y’akaga. Kira noneho, ni bo barindiriwe n’imisi y’akaga! Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana;