Abarabu baba mu micungararo y’ibisagara, barangwa n’ubugarariji hamwe n’uburyarya bw’agahebuza gusumba ababa mu bisagara1; baranakwiye kutamenya imbibe z’amabwirizwa Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuntu babayeho; Intungane mu vyo Ikora.