Nimwagaruka muvuye ku rugamba rero, bazobarahira barengwe kw’Izina ry’Imana Allah bireguza ikinyoma, kugira ntimubaharire ivomo. Nimubaharire ivomo rero mubirengagize, mu vy’ukuri barangwa n’umutima mubi. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi.