Iyo rero hamanuwe igisomwa ca Qor’ani, kiza gishira ahabona uburyarya bwazo, ziraheza zikavunanira urugohe ku guteterwa n’ukumaramara n’akantu, zikavuga ku mutima n’ishavu n’akantu ziti: “Hari n’umwe yobabona mu gihe mwohaguruka mukava mu cicaro c’Intumwa!”; zigaheza rero zigahaguruka, zikiyonjorora ata wuzibona ku kwanka guteterwa. Burya Imana Allah, Yarakebanije imitima yazo ntizashobora kwemera koko, ku kubera ko zidatahura icubahiro c’Imana Allah ngo zikebuke.