Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaramaze kuguza ubuzima n’amatungo vy’abemeramana, Ubwami bw’ijuru; kuko baharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga ivyabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo kugira idini ryayo riganze, maze bakica canke bakicwa. Iryo ni ryo sezerano ry’ukuri riri muri Tawurati, mu Njiili no muri Qor’ani. Nta n’umwe rero yokwubaha akubahiriza isezerano kurusha Imana Allah. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimuhimbarwe n’urudandaza mwagize n’Imana Allah mu kuguza ubuzima bwanyu Ubwami bw'ijuru, iyo ni na yo ntsinzi rero ihambaye.