Muvugishwamana! Ntuzokwigere usengera na rimwe muri uwo musigiti. Ni ukuri umusigiti wa Qubaa wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana1 kuva umusi wubakwa, ni wo nyabuna ukwiye gusengeramwo. Uwo musigiti, urimwo abantu bakunda kwisukura no kweza umutima. Burya Imana Allah, Irakunda abisukura bakeza umutima.