Muvugishwamana! Mu matungo y’abasivye ku rugamba rwa Tabuuki hanyuma bakigaya, urayatorako imperezwa ibeza ivyaha vyabo; wongere ubasabire imbabazi ku Mana Allah, mu vy’ukuri igisabisho cawe kuri bo, ni impuhwe n’ituze ry’umutima. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibisabo be n'ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa n'ivyo bizirikana, Izohembera kimwe cose ico cakoze.