Ntumwa y’Imana! No mu banyagihugu baba mu micungararo y’igisagara ca Madina harimwo indyarya; no mu baba i Madina nyene, harimwo indyarya zitsimbataye ku bwononyi, zikwiyorobekako. Humura rero Twebwe Allah Turazizi, Tuzozihana incuro zibiri: Tuzozihanisha ukwicwa, ukugirwa imbohe mu ndwano hamwe no guteterezwa kw’isi; Tuzozihanisha kandi ibihano vyo mu mva, hanyuma zihabwe ibihano bihambaye mu muriro udahera.