N’abamaze guca ubutinyanka mu bakenyezi banyu, nimwagira amakenga mu guharura ibiringo vy’ubutinyanka, muraca muharura amezi atatu; ni nk’ukwo nyene kandi muzobigenza no ku bataraja mu butinyanka. Abibungenze na bo, ikiringo cabo ni ukwibaruka imbanyi zabo. Uwo wese atinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izomworohereza ingorane ziwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.