Ewe Hafswa na Aisha! Nimwigaya ku Mana Allah, imishaha yanyu izoba yahisemwo gusaba imbabazi. Nimwateranira Umuvugishwamana, mugafashanya gukora ibimushavuza naho; ni ukuri Imana Allah, ni Yo Mutabazi wiwe, n’umumalayika Jibrili, hamwe n’aberanda mu bemeramana. Vyongeye, n’abamalayika bose inyuma y’aho bazomurwanako.