Iyo rero Imana Allah Ishaka ko abantu bose baba umugwi umwe w’abagororotsi, ni ukuri Yari kubigira ata camira. Ariko rero, Yashatse gushira mu mpuhwe zayo uwo Ishatse mu ntore z’ibiremwa. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana, ntibazoronka umuhagarikizi n’umwe abakura mu bihano, eka mbere nta n’uwubatabara mu kubibakingira bazoronka.