Nta ho vyakabaye ko haba umuntu avugana n’Imana Allah amaso mu yandi, kiretse ko Imuhishurira; canke akavugana na Yo inyuma y’ipaziya, nka kurya Yavuganye na Musa; canke Ikamurungikira Intumwa Jibrili, maze ikamuhishurira ku burenganzira bwayo ivyo Ishaka kumuhishurira1. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenicubahiro-ntangere2, Intungane mu vyo Ikora.