Ahubwo rero, ababangikanyamana barinamura bakavuga ko Muhamadi arementaniriza Imana Allah mu kuvuga ko ari Yo Yamuhishuriye, kandi abesha. Ntumwa y’Imana! Biramutse bishitse ukarementaniriza Imana Allah, Ibishatse Yoca Itera ikimangu ku mutima wawe ntushobore kuyirementaniriza, maze Imana Allah Igahanagura ikinyoma, nya kinyoma kigakubitirwa ahashashe, maze ukuri kw’amajambo yayo atigera ahinduka kukiganza. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibinyegejwe mu mishaha.