Iyo, ni yo nkuru nziza rero, Imana Allah Ishikiriza abaja bayo bayemeye bakiri kw’isi, bakanakora n’ivyiza bitegetswe. Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana batemera umusi w’umuhero w’isi ko ubaho, uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, kiretse gusa urukundo no kwunga ubuvandimwe buri hagati yacu”. Uwakoze iciza rero, Tuzokimuhembera kigwijwe incuro cumi n’izirenga. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere, Irababarira ivyaha vy’ibiremwa, Nyenindishi, Irabakirira ibikorwa Ikanabigwiriza indishi.