Uwushaka mu kwubahiriza kwiwe amabwirizwa y’idini, indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzomwongerereza indishi y’ibikorwa vyiwe, maze iciza kimwe kigwizwe incuro cumi n’izirenga. Nayo uwushaka guhemberwa ibikorwa vyiwe ng’aha nyene kw’isi, Tuzomuronsa ivyo Twamugeneye kw’isi, ariko mu buzima bw’inyuma yo gupfa, nta mugabane w’indishi azoronka.