Emwe bantu! Imana Allah Yabashingiye mw’idini ibwirizwa Yategetse Nuhu, akaba ari na ryo dini ry’ubwislamu Twebwe Allah Twaguhishuriye muri Qor’ani Ntumwa y’Imana, Turanariraga Ibrahimu, Musa na Isa1; Turanabasaba mwese ko mutsimbataza idini rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, maze mukaritsimbataza muticamwo imigwi. Irarikiramana ryanyu ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, riraremera cane ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Ihitamwo uwo Ishatse kugira abe Intumwa, Igashoboza kuyumvira uwugaruka kuri Yo akicisha bugufi.