Yarabageneye n’iyindi mpera mukunda muri kw'isi, ni intsinzi ivuye ku Mana Allah no guhabuza vuba bwango igisagara ca Makka. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana, inkuru ihimbaye Yo gushika ku ntsinzi kw’isi, no kuja mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa.