Mbega abahakanyi batigera bemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze1! Bari n’abantu bafise inguvu nyinshi kubarusha, bashoboye no kuryoherwa n’ubuzima bw’isi mu kurima bakimbura, no mu kwubaka inyubakwa babamwo z’akaroruhore gusumba uko abahakanyi b’i Makka babayeho. Intumwa zabo rero, zaje zibazaniye ivyemezo bigaragara maze barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, ntiyigeze Ibarenganya kuri iryo honywa ryabo, ariko ni bo birenganije mu kuyibangikanya Ica Irabahana;