Ihanganire rero ihakana n’ibangamira ry’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, isezerano wahawe n’Imana Allah ryo gushika ku ntsinzi no guhabwa indishi, ni iry’ukuri. Abatemera umuhero w’isi ngo bizere ko bazohemberwa ivyo bakoze, ntibazogutiriganishe namba kw’idini ryawe.