Ni ukuri, Twebwe Allah Twarahaye abantu muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye kandi butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakabugendera mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! N’aho wobazanira icemezo kingana gute coza cerekana ko uri mu kuri koko, ni ukuri abakugararije bovuga bati: “Mwebwe nta co muvuga atari irementanya gusa”.