Nayo abahawe ubumenyi n’ukwemera Imana Allah, mu bamalayika, mu Ntumwa no mu bemeramana, bazoheza bavuge bati: “Ni ukuri, mwabaye kw’isi ikiringo mwandikiwe mu Gitabu c’ivyagezwe ku Mana Allah kuva muremwa, gushika kuri uno musi w’izurwa ry’ibiremwa, ariko rero mukiri kw’isi ntimwari muzi ko uno musi uzobashikira, maze murawuhakana”.