Ntumwa y’Imana! Eka ntunashobora no kurongora mu nzira y’ukuri abo Imana Allah Yahubishije mu kutabashoboza kubona ukuri, maze bagahuba ku bugaba bwabo. Burya ushoboye kwumvisha gusa abemeye Aayah zacu za Qor’ani, bagaheza bakicisha bugufi mu kwubahiriza ivyo ubararikiye.