Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse hambere yawe Intumwa ku bantu bazo, maze ziza zibazaniye ivyemezo bigaragara, abenshi muri bo barabigarariza, Duca Twihora abanyavyaha muri bo barenze ku mabwirizwa yacu, Turabahana Turabahonya, Turaheza Turokora muri nya bihano abemeramana bakurikiye nya Ntumwa, kandi Twategerezwa kurokora abemeramana.