Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bigatuma Isengwa Itabangikanywa, kuba Ishoboye kurungika umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa; kugira Ibahonje ku mpuhwe zayo mu gutuma imvura igwa, isi n’ibiremwa bikaharonkera akoyokwe; no kugira ubwato bushobore kugendera mw’ibahari ku bushobozi bwayo; no kugira murondere ku mpuhwe zayo ibibabeshaho mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa. Ivyo vyose rero, Imana Allah Yabibagiriye kugira mushime inema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.