Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye, hanyuma Ibaronsa ibibabeshaho kw’isi, hanyuma ikiringo canyu co kubaho giheze Irabica, mu nyuma Izobazura Ibahe ubuzima ku musi w’izuka, kugira muharurirwe ku vyo mwakoze. Mbega none mu bigirwamana musenga, hoba harimwo igishoboye kubagirira na kimwe muri ivyo! Nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.