Mwemeramana! Uritwararika rero incuti mu muryango mu kuyiha imperezwa no mu kwunga ubuvandimwe, n’ibindi; maze uhereze n’umukene atagira shinge na rugero n’uwakehaniwe ku rugendo, ikibakenura ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa. Ukwo gutanga ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa, ni vyo vyiza ku batanga barondera gushimwa n’Imana Allah, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.