Ntumwa y’Imana! Tumbera Imana Allah, uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah. Ukwemera-ndemanwa, Imana Allah Yaremeye abantu, nta cohindura ukwemera-ndemanwa kw’Imana Allah, ni na ryo dini rigororotse rishimwa n’Imana Allah; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ico wategetswe gukurikira ko ari ryo dini ry’ukuri ry’Imana Allah.