Babangikanyamana! Imana Allah Yarabaciriye agace Ifatiye kuri mwebwe nyene; mbega burya mwokwemera ko mugira mu bo mugaba mukaganza, abo musangira ivyo Twebwe Allah Twabaronkeje, maze mwese mukabigirako ububasha bungana, mugatinya abo mugaba mukaganza ko bobibaganzako nka kurya mutinya abigenga nkamwe ko bobibaganzako1! Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera ivyemezo vyacu abantu biyumvira bagaheza bagatahura icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.