Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kurema amajuru ahanitse ata nkingi ziyafashe; kurema isi yagutse ingana amahanga no kurema indimi n’amabara vyanyu bitandukanye. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’incabwenge bikebuka, maze bakamenya ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema.