Haraziririjwe kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, ba nyoko na ba nyokuru bo ku ruhande rwa ba so canke rwa ba nyoko; abakobwa banyu n’abuzukuru b’abakobwa b’abana banyu kubandanya umanuka; bashikanyu musangiye abavyeyi bompi canke umwe muri bo; ba senge na bashiki ba sokuru banyu; ba nyokwanyu na ba nyokuru banyu; abakobwanyu; abishwanyu n’abakobwa babo; ba nyoko b’ibere; bashikanyu b’ibere1, ba nyokobukwe 2, abakobwa b’abakenyezi banyu bavutse ku bandi bagabo barererwa kenshi iwanyu3, mu gihe mwoba mwaramaze guhuza ibitsina mu kurangurana na ba nyina babo amabanga y’abubatse, mu gihe mwoba mutari bwayarangurane hanyuma mukahukana na bo canke bagapfa, aho nta kabi kuri mwebwe kari mu kwabira nya bakobwa; abakazana banyu bashingiwe abahungu mwibarutse canke abonkejwe n’abakenyezi banyu, mu gihe boba barashingiwe gusa, n’aho boba bataranguranye amabanga y’abubatse; kwabira umugore hamwe n’uwo bavukana basangiye amaraso canke bonse rimwe4, kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.