Mu vy’ukuri, abagarariza bagahakana bivuye inyuma Imana Allah n’Intumwa zayo, mu bayahudi1 no mu banaswara2, bagashaka kuvangura hagati y’Imana Allah n’Intumwa zayo mu kwemera Imana Allah gusa, bagahakana Intumwa zose canke zimwe muri zo, bagaheza bakinamura bati: “Twemera zimwe muri zo tugahakana izindi”, bagashaka kugira iryo vangura mu kwemera inzira n’idini ry’ubuhuvyi badukanye;