Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Imana Allah Yaha isezerano Abavugishwamana bose Iti: “Ninabaha Igitabu n’ubutore bwo gushika ku kuri mu mvugo n’ingiro, hanyuma Nkabarungikira Intumwa ishimangira ukuri musanganywe, ko mutegerezwa kuyemera no kuyitabara”, maze Imana Allah Ikababaza bose Iti: “None iryo sezerano, mwaryemeye muremanga kuryubahiriza?”. Barishuye bati: “Ego cane! Twemanze kuryubahiriza”. Imana Allah Ica Ivuga Iti: “Nimwibere rero ivyabona ku vyo dusezeranye, mubere n’ivyabona abantu banyu kuri iryo sezerano, nanje Ndi kumwe na mwe mu vyabona bizobagiriza mwese1”.