Ntivyari gushika ko umuntu n’umwe mu bantu yotumwa n’Imana Allah, Ikamuha Igitabu n’amabwirizwa yo gutunganiriza ibiremwa, hanyuma agahindukira akabwira abantu yarungitsweko ati: “Nimube abaja banje maze munsenge mu gishingo c’Imana Allah”, mugabo araheza akababwira ati: “Nimube intore mu bamenyi ku vyo mwahora mwigisha abandi mu majambo y’Imana Allah, no ku vyo mwiga mukamenya rero muri yo”;