Mu vy’ukuri mu bayahudi, ni ukuri harimwo umugwi uhindagura amajambo uko atari mu Gitabu bahawe, kugira mwiyumvire ko nya majambo ari mu Gitabu ca Tawurati, kandi ata yari muri Tawurati, bagaheza bakanavuga bati: “Aya majambo ava ku Mana Allah, Yayahishuriye Intumwa yayo Musa”, kandi nya majambo atava ku Mana Allah, bagaheza rero bakabeshera Imana Allah kandi bazi ko bariko barabesha.