Kandi ntimuzokwemere vy’ukuri kiretse uwukurikiye idini ry’ubuyahudiˮ. Ntumwa y’Imana! Babwire ko mu vy’ukuri uburongozi n’ubugororotsi bw’ukwemera nya kwemera bituruka ku Mana Allah. Baranavuze bati: “Ntimuhirahire ngo muserurire ubumenyi mufise n’umwe mu bislamu ngo bamenye nk’ivyo mwahawe mu Gitabu, gutyo babasumvye ubutore, canke baronke ikibagiriza ku Mana yanyu Rurema Allah”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ingabirano z’ibintu vyose zituruka ku Mana Allah, Izihereza uwo Ishatse”. Burya rero Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere ku biremwa vyayo, Nyenubumenyikurivyose;