Mariyamu yaritangaje maze avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo kandi ata n’umuntu turubakana!”. Umumalayika araheza aramwishura ati: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Irema ico Ishatse, iyo Itegetse ikintu ko kiba Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.