Kukaba nkako, Imana yiwe Rurema Allah Yaramwemereye igisabisho, Iramwakirira neza uwo yayeguriye Iraheza Iramubungabunga Imuha indero nziza, maze arerwa na Zakariya 1 aho yari asanzwe asengera. Igihe cose yaja kumuraba yahasanga imfungurwa ziteguye, agaca amubaza ati: “Mbega Mariya! Izi mfugurwa wazikuye hehe?”, na we akamwishura ati: “Ni izo nafunguriwe n’Imana Allah”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ironsa ibibeshaho uwo Ishaka mu biremwa vyayo Itarinze kumugerera.