Ntumwa y’Imana! Bwira abemeramana uti: “Nimwaba mukunda vy’ukuri Imana Allah, nimunkurikire rero munyumvire, gutyo Imana Allah Iheze Ibakunde, Inabagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo 1”.