Muvugishwamana! Vuga usaba Imana yawe Rurema uti: “Mana yanje Nzima! Nyeninganji Rugaba w’ubwami bwose! Uha ubwami n’inganji uwo Ushatse, Ukabwambura uwo Ushatse; Uha icubahiro c’iteka kw’isi no mw’ijuru uwo Ushatse, Ugasuzuguza uwo Ushatse; mu minwe yawe hari ivyiza bisa, mu vy’ukuri ni Wewe Mushoboravyose1,