Abitavye akamo batewe n’Imana Allah n’Intumwa yayo inyuma y’aho urugamba rwa Uhudi rurangiriye, maze bakaja gukurikirana ababangikanyamana ahitwa “Hamraa-a l-Asad”, mu gihe bagifise inguma n’agahinda ko kuneshwa, abagwaneza n’abagamburukiramana muri bo rero, bazoronka impano zihambaye kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;