Twebwe Allah Tuzotera ubwoba mu mitima y’abagararije bitewe n’ukuntu babangikanije Imana Allah n’ibigirwamana, mu gihe Imana Allah Itigeze Imanura icemezo c’uko bikwiye kubangikanywa na Yo, bazobaho rero kw’isi batekewe n’ubwoba bwo gutinya abemeramana. Ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro, ni na ryo cumbi ribi cane ry’abirenganije mu bugarariji.