Ntumwa y’Imana! Nta co ubazwa ku vyerekeye ihanwa canke ibabarirwa ry’ibiremwa, ivyabo vyose bijejwe Imana Allah, hari n’aho abakurwanya bokwinjira mu bwislamu, maze Imana Allah Ikabababarira, canke bakabandanya bagarariza, Imana Allah Igaheza Ikabahana ku kwirenganya kwabo.