Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe wasohoka mu bawe witeguriye guhangana n’ababangikanyamana ku rugamba rwa Uhudi, utondeka neza ingendanyi zawe, umwe wese mu kibanza akwiye. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga ; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo mukora;