Abayahudi, Imana Allah Yaramaze kubahomera n’agasuzuguro aho hose bazoba bari, kiretse kw’isezerano bahawe n’Imana Allah n’iryo bahawe n’abantu, kugira ngo umutekano wabo hamwe n’ivyabo bikingirwe1. Barakwiye rero ishavu ry’Imana Allah, baranahomewe n’agasuzuguro ko gutinya abemeramana. Ivyo bikaba biterwa n’ukuntu bahora bagarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku karenganyo, ivyo bakaba babitewe n’ibicumuro bakora, bari n’abantu barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.