Ku musi w’izuka. Umusi abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bazosayangana mu maso buzuye akamwemwe ku kandi; abayigararije bakiyamiriza n’Intumwa yayo na bo bakazokwijirirwa mu maso, bishwe n’amagorwa. Abazokwijirirwa mu maso rero, bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntu ! Mwagararije inyuma y’ukwemera kwanyu, muraheza mwigura ubugarariji! Nimuhonje rero ibihano bitewe n’ukuntu mwahora mugarariza”.