Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah ukuri kwo kuyitinya mu kuyigamburukira mu vyo mukora; muyumvire ata kugabitanya, muyishimire ata kwihakana inema zayo, muyininahaze ata kugotwa, maze mutsimbatare kw’idini ryanyu gushika gupfa.