Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Uwakumanuriye Qor’ani Akakubwiriza kuyigendera no kurarikira abantu kuyikurikira, ni ukuri Azogusubiza iyo waje uva i Makka. Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi neza uwazanye uburongozi, Irazi n’uwuri mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri”.