Nayo abahawe ubumenyi bwo gutahura Imana Allah n’amabwirizwa yayo, barabishuye bavuga bati: “Murahumiwe! Burya indishi y’Imana Allah ku muntu yayemeye akemera n’Intumwa zayo, agakora n’ivyiza bitegetswe, ni yo nziza gusumba ivyahawe Qaaruuni. Nta n’abakira iyi mpanuro bagashobozwa kuyigendera, kiretse abihanganira kwumvira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”.