Ni ho rero Qaaruuni yasohoka ashajije imbere y’abantu biwe kugira babone ko ahambaye. Abagomba ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi bagize ngo baramubonye, baciye bavuga bati: “Ese icari kuduha amatungo n’icubahiro nk’ivyo Qaaruuni yahawe! Mu vy’ukuri Qaaruuni, yarahawe ibakwe ryo kuronka umugabane uhambaye mu vy’isi”.